Cibitoke: Impunzi 2 z’abanye congo zaraye zishwe

0

Meschak Ramadhan ( imyaka 25) na Paul Ramadhan ( imyaka 17) bishwe hari igihe c’isaha 18h30 ejo mw’ijoro kw’ibarabara rya 15 numero 47.

Nkuko twabibwiwe  na Ramadhan Rubaya, mukuru w’uwa mbere akaba na se w’uwa kabiri, abo bompi bari bavuye kwi boutique kugura ama karita yama inite ( carte de crédit télephonique) aho abantu bambaye impuzu za gipolisi bafise n’ibikoresho vya gisirikare babahagarika babaha itegeko ryo gufukama no gushira amaboko hejuru.

Sanglots

Bompi bararonse umwanya wo kubereka amakarata abaranga ko ari impunzi mugabo umwe murizo nkozi z’ikibi aca atanga itegeko ryo kurasa. Meschak yaciye acikana ubwo nyene uwundi akaba yacikanye mu bucagucagu. Abanyagihugu baho bakavuga ko abo bicanyi bakomerekeje n’uwundi munyonzi w’ikinga ( Taxi vélo).

sanglot

Mu bucagucagu bwo kuruyu wa kane yari amarira mu miryango yose y’abanye congo baho mu cibitoke. Agahinda na cane cane ubwoba nivyo vyaranga abanyagihugu baje kuraba ivyabaye.

Ijoro ryo kuruyu wa gatatu riheze aho mu cibitoke haranzwe agacerere aho hari haheze iminsi ibiri haraswa inkoho zikomakomeye n’ama grenade.