Cibitoke : Igiporisi catanguye gufata abagirizwa urupfu rw’umudandaza James HABONIMANA

0

Igiporisi catanguye gufata abagirizwa urupfu rw’umudandaza James HABONIMANA yagandaguwe n’abantu bataramenyekana bamutegereye ariko arataha mw’ijoro ryo ryo kuwa 30 Ndamukiza 2017, mu ntara ya Cibitoke muri komine Mugina.

Abafashwe ni abantu batanu bo muri zone Buseruko, muri komine Mugina, iyo ntara ya Cibitoke. Bagirijwe ko aribo boba bishe uwo mudandaza.

HABONIMANA James yishwe mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana, muri komine Mugina, intara ya Cibitoke.

Uwo yagandaguwe yahora ari umudandaza, akaba yishwe n’abantu bamutegereye atashe mw’ijoro baramukubita gushika aho apfa, baca bagenda bamutwaye n’amafaranga yari afise.