CHRISTOPHE NKEZABAHIZI hamwe n’abana biwe babiri nibo baraye bishwe.

0

Chistophe NKEZABAHIZI yaraye yishwe nabantu gushika n’ubu bataramenyekana ariko nkuko twabwiwe n’umuryango wiwe batubwiye y’uko abaje gukora iryo bara baje mukavura kakiriko kararwa baca baramusohora hanze hamwe nabana biwe babiri baca barabarasa ngo n’umukozi waba yahora abakorera bakaba bahavuye bamurasa kuko ngo yari yababonye.
hhh
Chistophe NKEZABAHIZI akaba yari asanzwe akorera Radio na Télévision vy’Uburundi acaba yari asanzwe akora mugisata cabakozi kafata amasanamu.
Aho mu NGAGARA hamwe no KUMUTAKURA hongeyemwo no MUCIBITOKE haraye harumvikana amasasi atari make kuko yari yatanguye igihe c’isaha zitatu nigice “21h30” akaba yaraye aravuga agwiriyemwo nama gerenade menshi cane.
Tworangiza tubamenyesha yuko Umuvugizi w’Igipolisi kukiganiro yahaye abamenyesha makuru basanzwe bakorera iradio ijwi ry’America yashoboye kwemeza ko abantu barenga 10 kwaribo baguye murayo basasi.