Christiane laly Gomes atuyagira ku mwuga wiwe wo kwambika abantu

0

Mu gatondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 1/12/2016 ikinyamakuru cacu ubmnews cegereye umwe mu basanzwe bambika abantu mu manza canke mu biteramo ngaha mu burundi ariwe christianna laly Irutingabo kiramubaza ingene yatanguye uyo mwuga,aho ashitse ubu nico yiteze muri uyo mwuga,christiane akaba yabanje kutwindondora uwariwe muri aya majambo:
gomes
Nitwa irutingabo christiane laly nvuka mumuryango wabana 5 nkaba nduwa 4 ,nkaba mfise imyaka 19 ,ndakunda abana cane no kwambara neza can cane kuryoherwa n’abagenzi n’incuti kuvyamashuri nkaba ndindiriye kuja kuhinyanyura neza ivy’umurwa nkora mu guhigu ca uganda.
Amipro: Gomes mwaramutse! Watanguye ryari umwuga waba styliste? Iciyumviro caje gutw ngo utangurw uyo mwuga?
Christiane: mwaramutse… kuva nkiri muto namye nkunda umwuga wo kwambika abantu knd nkaba narahezagiwe IMANA impa impano yo kumenya gucapa ivyo twita mu kirimi c’igifaransa (models cnk croquies) ,noba natanguye neza umwuga hahez 3ans.
Amipro: Kuva uno munsi imyaka itatu iraheze uri mu mwuga umaze kunguka iki?
Christiane: ndamaze kunguka ikintu gitari gito kuko nari nsazwe nkora cane cane muma.manza(mariage,dote,fête etc..)ariko uyumwaka nariyunviriy ndibaza igituma ntoja mubintu vyo kwambika muma fashion cnk abaririmvyi n’ibindi…ndamaze kunguka mur vyinshi.
Amipro: Nahaye ma manza canke ama event akomeye umaze kwambikamwo? Nabahe baririmvyi umaze kwambika?
Christiane: Ndamaze gukora mum evenement atandukanye cane cane muma fashion yabera kur star hotel hari iyo nakombitsemwo yari yateguwe na AmisPro Entertainement …hari iyiriko irategurwa pour samedi le 3/dec ya Agence umuringa ..k’ubaririmvyi maze gukorana n gaga blue,Mirror team,Masterland n’abandii.
Amipro: Nabahe ba styliste usanzwe wemera hano mu burundi canke hanze?
Christiane: Mpereye aha mu burundi hari cynthia munwangari abo hanze nko mur Amerique hari Anna sui na Agnes B wo mu bufaransa
Amipro: Wifuza gushika he mu mwuga wawe?
Christiane: Ndifuza gushika kure nkakora ama fashion week atandukanye no mubihugu bitandukanya atari muri Africa gusa ndetse no mubind bihugu bikomeye. Amipro: ikinyamakuru ubmnews kirabashimiye cane kuri kano karyo mwaduhaye mukemera ko tuganira? Christiane: Nije ndabashimiye kubona mwampaye akanya ko kuvuga kumwuga wanje murakoze