Chris Biz: Amasanamu y’indirimbo kubakure nzoyakorera mu Rwanda

0

Umuririmvyi w’umurundi Chris Biz asanzwe ava mu ntara ya Gitega yaraye ahaye ikiganiro ikinyamakuru canyu ubmnews aho muri ico kiganiro yaduhaye yatumenyesheje ko amasanamu y’indirimbo Kubakure azoyakorera mu gihugu c’urwanda n’umuhinyanyuzi The benjamin.
kuba kure cover
Chris Biz akaba yatubwiye ati:Ngiye gufata urugendo mu nminsi ya vuba nerekeza mu gihugu c’urwanda aho nzoba ngiye gukora amasanamu y’indirimbo Kubakure,nkazoyakorana n’umuhinyanyuzi The benjamin,umuhinyanyuzi akomeye cane muri ico gihugu,umuhinyanyuzi asanzwe akorera amasanamu umugwi Urban Boys.
Tumubajije ryari azofata urugendo,Chris Biz akaba yatumenyesheje ati:Sindamenya umunsi ariko ni vuba.
chris
Twobamenyeshako Chris Biz ari umuririmvyi ahurikiye mu mugwi Wakali Gangester.