Tuesday, December 6, 2022
HomeNewsCharly na Nina bitezwe i bujumbura kuri Noweri

Charly na Nina bitezwe i bujumbura kuri Noweri

Abaririmvyi bo mugihugu c’ urwanda aribo charly na nina barindiranwe igishika kinini cane mu gihugu c’ uburundi neza na neza mu gisagara ca bujumbura aho bafise igiteramo kw’ igenekerezo rya 25/12/2016 ahitwa kuri lacoste

Ikinyamakuru cacu ubmnews kikaba cagerageje kwegera abakunzi bamwe bamwe b’ umuziko kugira bagire ico bavuze ku giteramo charly na nina bagiye kuza gukora hano mu gihugu c’ uburundi nka bose bakaba bavuga ko babiteze cane kandi ko bipfuza kuzoja kubakira ku kibuga c’ indege ari benshi kugira babereke urukundo babafitiye

Tworangiza tubamenyesha ko muri ico giteramo charly na nina bazoba baherekejwe n’ umugwi peace and love wa hano mu gihugu c’ uburundi

Must Read

RDC: M23 yemeye guhagarika intambara no gusubira ku birindiro vyayo vya...

0
Umuhari M23 wemeye guhagarika intambara ndetse no kurekura ibice vyose uherutse kwigarurira biri mu buseruko bwa Congo, mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Itangazo ryo kuri...