Charlotte UMUGWANEZA yashinguranwe iteka

0

Charlotte UMURWANEZA, yahora ari icegera c’umukuru w’umugambwe MSD mu Cibitoke yashinguranwe iteka kuri uwu wa gatanu mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda. Ku ncuti, abagenzi, hamwe n’umuryango, wari umubabaro udasanzwe.

Ugushingura Charlotte UMURWANEZA vyatangujwe n’inkuka y’imisa yo ku musezera n’ukumuhereza Imana yabereye kuri paruwasi yitiriwe umweranda Yozefu yo mu Ngagara. Muri iyo misa yasomwe na Patiri Vital GIRUKWAYO, yagarutse ku gaciro k’ikigongwe gikwiye kugirirwa uwagiriye nabi uwundi.

umu

Inyuma y’iyo nkuka y’imisa, uguherekeza Charlotte UMUGWANEZA vyabandanirije mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, bamwe muri bamuherekeje bakaba bari bitwaje inzandiko ziyamiriza ubwicanyi ndengerabutungane.

Charlotte UMUGWANEZA yahora ari icegera c’umukuru w’umugambwe MSD mu Cibitoke apfuye ku myaka 46, akaba umugabo n’abana batatu.

char

Tubibutse ko kuva aho umuryango wa Charlotte UMURWANEZA ubuze irengero ryiwe, baragerageje kurondera ariko ntibamenya ikibanza yajanywemwo. Abamubonye irya nyuma bavuga ko yavuye muhira agiye kw’isoko benshi bita kuri COTEBU, kurondera imodoka yomufasha kwimuka. Umuryango umaze kumubura baragerageje kubaza hose, mu nyuma bamenya ko yafashwe ajanwa gupfungirwa mw’igendereza.

Charlotte UMUGWANEZA yatowe inyuma y’iminsi ibiri yamaze kwicwa, bikaboneka ko yagandaguwe bunyamaswa.