Charles Nditije :”Ikibazo gihari i Burundi kirazwi”

0

Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bwa Bujumbura, amenyesha ko ataco batazokora ngo amakungu abone ko amatora ariko arategurwa mu Burundi n’ayabaye atari meza kuko ata kindi azana atari Ibibazo mu Gihugu. Kubwiwe ngo ayo matora asabwa gusubirwamwo kubera ari inzira idashika ku Barundi bivanye n’integuro yayo.Rwasa-et-Nditije

Uwo mukuru w’Umugambwe UPRONA akaba kandi n’umwe mu barongozi b’urunani Amizero y’abarundi yamenyesheje ko ku kibazo c’uko hadashobora kwunguruzwa amatariki y’amatora kubera igihugu cogira ikibazo c’ukubura Abatware kubera ibiringo vyabo biba vyarangiye, yamenyesheje ko ikibazo gihari i Burundi kizwi, ngo habaye ugushaka ico kibazo cova mu nzira.

Ico kibazo gihari yamenyesheje ko ari ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ugutegura amatora ku gahato n’ugukura ibirwanisho mu Mbonerakure.