Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsChanny Queen yahagurukiye ikibazo cabavuga ko yambaye ubusa, Soma hano wunve uko...

Channy Queen yahagurukiye ikibazo cabavuga ko yambaye ubusa, Soma hano wunve uko yavuze.

Nyuma yaho umuririmvyikazi akunzwe cane ndetse amaze kubaka izina m’umuziki wu Burundi ( Channy Queen ) , ashiriye amafoto yiwe kubuhinga ngurukanabumenyi ariko ntavugweko rumwe , aho bamwe bavuga ko aberewe cane ariko abandi nabo bakavuga ko ivyo yambaye bitamuhesha agaciro, ubwiwe uno muririmvyikazi yananiwe kwihangana agira ico avuga kurabo bantu.

Nkuko we yavyivugiye uyu munsi, Channy Queen yavuze ko yambara uko ashaka ndetse avuga ko atamuntu numwe yomutera ubwoba kuko amajambo mabi bamubwira ngo niyo atuma atera imbere, ikindi naco nuko uno muririmvyikazi yashimiye abafans biwe bose kuba baguma bamufata mumugongo muvyo akora.

Channy Queen yagize ati : hahahaha nambara uko nshaka uko ndavyiyumvamwo kuko ntawundisha so nobody can judge me only god!!!!! ntamwana wumuntu azontera ubwoba amajambo yanyu mabi aranryohera cane niyatuma ndonka inguvu zogukora vyinshi so ndakunda aba fans banje trop mwe munshigikiye mwe mwamfashe mu mugongo kuva nkitangura kuririmba mvuze nti thanks cane nanje nzogerageza kubaha ibintu vyiza vyiza mrc bcp bcp

Ushobora kuraba hano indirimbo yakoranye na Fizzo ” Whats my Name by Big Fizzo Ft Channy Queen

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments