Channy Queen arizeza abakunzi biwe ko agarutse n’inguvu nyinshi mu muziki

0

Nyuma y’igihe kitari gito atavugwa cane mu muziki ndundi,umuririmvyikazi w’umurundi Gitare Channelle abenshi bazi kw’izina rya chany queen yaraye amenyesheje ko yagarutse kandi mu muziki kandi aje afise inguvu zikomeye cane,akavuga ko abakunzi b’umuziki ndundi bokwitega ibintu vyiza muri uyu mwaka wa 2017 agiye kubazanira

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews ku munsi w’ejo igenekerezo rya 11/12/2017,chany quen yamenyesheje ko uyu mwaka wa 2016 atigeze akora bivanye nuko yarafise imbanyi ariko akavuga ko uyu mwaka wa 2017 agiye gukora cane kandi akizeza abakunzi biwe ko bazoshobora gushima ibikorwa agiye gukora muri uyu mwaka wa 2017

Tworangiza tubamenyesha ko chany queen aherutse gusohora indirimbo imeze neza cane,indirimbo yakoranye na Gaga blue,indirimbo yitwa uranduhura