Cankuzo: Major KARASHIRA Dieudonné yapfuye arashwe na mugenzi we

0

Intwazangabo mu gisirikare Major KARASHIRA Dieudonné ajejwe ibikorwa n’inyigisho mw’ikambi y’abasirikare ku Mutukura mu ntara ya Cankuzo yarishwe n’umusirikare mugenzi we kuwa gatatu igenekerezo rya 25 Nzero 2017.

Amakuru ava mu begereye ikambi yo ku Mutukura,amenyesha ko Major KARASHIRA Dieudonné yishwe mu gihe yari agiye gufata umusirikare yagirizwa kutigenza neza.

Amakuru ava mu gisirikare c’Uburundi amenyesha ko uwamurashe yafashwe,inyuma yo kurasa amasase menshi yiyugaraniye mu nzu.

Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko amakuru y’urupfu rwa Major KARASHIRA Dieudonné ariyo,ariko ko ari isanganya ryabaye. Bamenyesha ko bamaze gutanguzxa amatohoza kugira bamenye icatumye uwo musirikare amurasa.