UBM News ads

Ca gitoro bavuga ko cisesa kiri he?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Iyi mikino irayobeye:prezida Ndayishimiye yijeje abarundi ko igitoro cuzuye muri SOPEBU,ubu naho abarundi bagiye gutondera igitoro bisunze numéro z’ imparati nkuko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe SOPEBU.

kwanka ko abarundi babishoboye binjiza igitoro mu gihugu n’inzira ikomeye CNDD-FDD yibiramwo igihugu.birukanye interpetrol ibishoboye none raba vyabataye kuw’amazi.

Mu gihe ata misi iheze prezida Ndayishimiye yemeje ko igitoro cuzuye muri SOPEBU,ntibitevye kumenyekana ko atakiriho.

SOPEBU ikaba yasohoye itangangazo ibicishije kuru rubuga rwayo kuri X aho yamenyesheje ko bwa buhinga bwo gutanga igitoro harabwe numéro z’imparati bigarutse.

Uyu mugambi werekana ko ata gitoro kiri mu gihugu kandi ukagabanya imirongo minini ikunda kwibonekeza yabatondera ibitoro.

None Neva yoba yariko asamaza abarundi?

Ntibitangaje ni kenshi prezida Ndayishimiye yama avuga bikarangira nkaho aba ariko arifyinira.

Ikibazo c’igitoro gikomeje kuba ikibazo gikomeye ku ntwaro ya CNDD-FDD aho kugikemura bisa n’ivyabataye kuwa mazi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments