Buyenzi: Umunyagihugu yafatanywe inkoho yo mu bwoko bwa Kalashinkov

0

Inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashinkov ,amasase atandatu yayo,hamwe n’urusase rumwe rwa Pistolet, nivyo vyafashwe k wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, mu gikorwa co gusaka cabereye muri Zone ya Buyenzi iri mu gisagra ca Bujumbura.

Ivyo bikoresho vya gisirikare vyafatiwe kw’ibarabara rya 16 ,inomero 36 ryo muri Zone Buyenzi, Komine Mukaza,mu gisagara ca Bujumbura ku rugo rwa Aboubakar NAHIMANA.

Amakuru ava aho mu Buyenzi amenyesha ko iyo nkoho yari ifise inomero zayo ariko ata cerekana ko yoba ari iyo mu gisirikare c’Uburundi canke mu gipolisi cariko.

Inyuma y’ivyo vyafatiwe iwe,Aboubakar NAHIMANA yaciye ajanwa ku biro vya zone Buyenzi, mu ntumbero y’amatohoza.