BUYENZI: Amarira nimenshi kubanyagihugu bahora bacururiza iruhande y’ingoro ya UPRONA.

0

Amarira niyo twasanze aho benshi baribasanzwe bita ku KABUDUDU akaba ari muri Commune ya BUYENZI aho hari hasanzwe hahurikiyemwo abakenyezi batari bake bari basanzwe bacuruza ubududu bwinyumbati ngo aho bashoboye kutubwira ko batanguye kuhacururiza kuva kuntwaro ya Perezida BAGAZA ngo abahatanguye kuhacururiza nabanyokuru babo hamwe nabasogokuruza babo ngo kubona ingoro y’umugambwe bayigurisha kwizuba riva hanyuma bagaca batanga n’itegeko ryo kubirukana atacamira ngo kandi ariho baziga akarasiyo kabana ariho bakura uduhera twokurihira abana kw’ishuri ngo muncamake niho baziga vyose vyoza bibafasha mubuzima bwabo.

1

2

3

4

5

6
Abo banyagihugu bagatera ivyatsi rero iyongingo yafashwe n’izondongozi zokuza kubomora ahantu baribamaze imyaka itari mike bahacururiza ngo kuko hari hatunze abanyagihugu batari bake ngo ahubwo uburundi ntakurera ngo aho kurera bwo buza kuzuza abantu mwibarabara ngo kuribo kubona bagurishije Ingoro y’Umugambwe ntivyari gusigura ko bari kuza kubata hanze ngo bari kurondererwa aho bari kubimurira kuko ngo bariha ikori nkabandi badandazwa bose bakorera mu Burundi.

Barangiza basaba Icegera c’Umukuru w’Igihugu ariwe Gaston SINDIMWO ngo we asanzwe azi ayo matati imvo nyamukuru aho zavuye ngo kuko ataraba icegera ca NKURUNZIZA bari babanye neza ngo nagire icakoze, ngo ntabibagira kuko ari hejuru asigaye akora munzego ngo nagire icavuze hakiri kare ngo kuko aho ari amenye neza kwaribo bahamusize.