Buterere: Ibiziga bibiri vyatowe

0

Abantu bariko bararengana nibo babonye ibiziga bibiri kuruyu wa kane mu gitondo ca kare ahantu mumuserege utwara amazi ahantu hakunzwe kwitwa Kubumwe. Abo bantu biboneka ko bari banizwe kuko bari bafise ibiguma bisa nkaho babahohoteye imbere yuko babica.

Cadavres

Musitanteri wa komine Buterere Pauline Ruratotoye avuga ko bishoboka ko boba bishwe ahandi bakaza kubata ngaho muri quartier yabo kandi ko atari bwa mbere biba aho yavuze ko haheze iminsi hatawe uwundi mugore yishwe aho nyene.

Ivyo biziga bikaba bitashoboye kumenyekana ubwa mbere mugabo uko umwanya wahera abantu bashoboye kumenya umwe murabo babiri aho bashoboye kumenya ko yitwa Yvan kandi  ko aba Muri quartier Mutakura kuryi 17, abavyeyi biwe bakaba baba muri quartier Bukirasazi muri komine Kinama.