Amakuru atugezeho kano kanya ku kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News, avuga ko wa muhanuzi uherutse gutangaza ibizoba mu Rwanda, Uburundi, Congo, Uganda na Tanzaniya, Damascene Gakwaya ko ubu yamaze gutabwa muri yompi n’inzego z’umutekano ashinjwa kuba akorana n’imitwe y’iterabwoba iri guhungabanya umutekano muriyi minsi mu gihugu c’Uburundi.
Nyuma yaho Gakwaya bamutereye muri yompi, abakorana nawe basohoye itangazo kubuhinga ngurukanabumenyi bamenyesha ko yafashwe. Iryo tangazo ryavuga kuno :
« Umukozi w’Imana Damascene Gakwaya yagiye kuvuga ubutumwa muri Provensi KARUSI k’umusozi GITARAMUKA (i Burundi), aho abo muri documentation i Gitega baca bamufata baramufunga bamuhora ubuhanuzi yahawe n’Imana. Ariko Imana yakoreye igitangaza aho i Gitaramuka; izura umuntu yari yarapfuye haciye imyaka 2 kugira ibereke ko ariyo iriko iravuga. Ubu akaba afungiwe mw’ibohero ry’i Gitega, Burundi.
Umukozi w’Imana Damascene arasaba imbabazi kuri bose boba baramwandikiye ntihagire inyishu baronka, ntararonka uko yobandikira. Imana yamubwiye ko avuye muri iryo bohero, ariho Ubuhanuzi yahawe bw’intambara igiye kuza vuba buzoca bushika.
Imana ibahezagire »!
Ino video iri hano musi niyo itumye afungwa.
Recent Comments