UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Burundi : Wa muhanuzi aherutse gutangaza ibintu bikomeye bizoba mu Rwanda, congo, Tanzania na Uganda ubu yamaze gufungwa ” Soma hano wunve ico azira.

UBM News ads

Amakuru atugezeho kano kanya ku kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News, avuga ko wa muhanuzi uherutse gutangaza ibizoba mu Rwanda, Uburundi, Congo, Uganda na Tanzaniya, Damascene Gakwaya ko ubu yamaze gutabwa muri yompi n’inzego z’umutekano ashinjwa kuba akorana n’imitwe y’iterabwoba iri guhungabanya umutekano muriyi minsi mu gihugu c’Uburundi.

gakwaya

Nyuma yaho Gakwaya bamutereye muri yompi, abakorana nawe basohoye itangazo kubuhinga ngurukanabumenyi bamenyesha ko yafashwe. Iryo tangazo ryavuga kuno :

« Umukozi w’Imana Damascene Gakwaya yagiye kuvuga ubutumwa muri Provensi KARUSI k’umusozi GITARAMUKA (i Burundi), aho abo muri documentation i Gitega baca bamufata baramufunga bamuhora ubuhanuzi yahawe n’Imana. Ariko Imana yakoreye igitangaza aho i Gitaramuka; izura umuntu yari yarapfuye haciye imyaka 2 kugira ibereke ko ariyo iriko iravuga. Ubu akaba afungiwe mw’ibohero ry’i Gitega, Burundi.

Umukozi w’Imana Damascene arasaba imbabazi kuri bose boba baramwandikiye ntihagire inyishu baronka, ntararonka uko yobandikira. Imana yamubwiye ko avuye muri iryo bohero, ariho Ubuhanuzi yahawe bw’intambara igiye kuza vuba buzoca bushika.

Imana ibahezagire »!

Ino video iri hano musi niyo itumye afungwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments