Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsBurundi : Uwu niwe mukobwa avuga ko se wiwe amaze kumukoresha imibonano...

Burundi : Uwu niwe mukobwa avuga ko se wiwe amaze kumukoresha imibonano mpuzabitsina incuro ndwi zose !

uri komine ya Gihosha mu gisagara ca Bujumbura, hari umugabo yafashwe arapfungwa, yagirizwa kuba yarashurashuje umwana wiwe w’umwigeme incuro icumi.

Muri quartier ya Taba iri muri iyo komine, akaba ariho ako kaga kabereye.Uwo mwana yahumanijwe na se amuvyara, bikavugwa ko yatanguye kumushurashuza mu kwezi kwa Ntwarante umwaka uheze. Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radiyo isanganiro, amenyesha ko intandaro ya vyose, ari umugabo yashatse gufata ku nguvu uyo mwana w’imyaka 15 y’amavuko, ariko Imana irakinga. Haciye iminsi, se w’uyo mwana akaba yagirije umukobwa wiwe kuba yarashurashuye n’uyo mugabo, uyo mwana ararahira. Ariko se amuvyara akaba atashizwe, yagumye asaba uyo mwana w’umukobwa wiwe, ko uko bigenda kwose, azipimira, kugira arabe ko atafashwe ku nguvu. Uyo mwana kenshi yarankiye se, aramubwira ko atawamushurashuje, ariko vyaratevye, uwo mugabo, arateba, aramushurashuza, kugira yipimire ko uyo mwana wiwe atawundi yamushurashuje. Uwo mwana w’umwigeme n’agahinda kenshi, avuga ko vyari bimaze kuba incuro icumi zose.

Uyo mwana rero akaba yaratevye ararengerwa, arashishwa n’uwo mukoshi yaterwa nase, aja gutabaza umukuru w’umutumba. Nibizi Leocadie, avuga ko yarabizi, ariko barindiriye amatohoza. Nyina w’umwana avuga ko ivyo bintu nawe nyene abizi, kandi kuva iyo ngeso mbi yo kumuhumirira umwana itanguye, yaciye atangura kwama ariko arasinzikarizwa ubuzima n’umugabo wiwe. Ariko naho biri ukwo, bikavugwa ko hoba hari imibonano kugira uyo mugabo arekurwe.

Abanyagihugu co kimwe n’umukuru wa Taba, bose bagasemerera, basaba ko hatogira n’umwe ahirahira ngo ashire urwo rubanza mu vya poritike, canke uyo mugabo arekurwe. Basaba ko ahubwo, yohanwa bimwe vy’akarorero, kuko yahevye atabura ibabi, mu gukora amashano nkayo, ku mwana yikuriye mu nda. Nyina w’umwana, umwana, incuti n’abagenzi, bakaba ari agahinda gusa, kw’ibara nk’iryo ku kibondo.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments