Burundi : Umukobwa w’imyaka 15 yavyaye umwana afise amaguru ane ” Raba hano amafoto

0

Mu ntara ya Bururi, hari umwigeme w’imyaka 15 y’amavuka yibarutse umwana w’umuhungu afise amaguru ane. Ikivurwa akaba ari uko yoba ari amahasa yapfuvye.


Itangishatse Louis

Itangishatse Louis, n’umwaka w’umuhungu yavutse afise amaguru ane ari hejuru y’umukondo, hafi y’umutima. Yavutse kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2014, i Buta mu ntara ya Bururi.

Nyina wiyo mwana akaba titwa Kantore Kelly. Uno avuga ko akicibungenze atigeze amenya ko umwana ari mu nda yoba afise ingorane naho yumva ahema neza. Muvyatumye atamenya uko umwana yibungenze yoba ameze, akaba aruko ata cuma ca échographie gifotora mu nda yigeze ajamwo kugira barabe umwana uko ameze.

Naho yibarutse umwana afise ubumuga, Kantore Kelly avuga ko yamuvyaye atangorane na zimwe zihabaye kuko yavyaye neza batarinze ku mubaga. Itangishatse Louis akaba yavukanye ibiro bikwiye, ibiro 3 n’amagarama 150.


Kantore Kelly hamwe n’umwana wiwe Itangishatse Louis

Inyuma yaho Kantore Kelly aboneye ko ubumuga umwana wiwe yukanye bushobora kumugirira ingaruka zitari nziza ku magara yiwe, yaciye ahitamwo ku muzana i Bujumbura kugira bamusuzume amagara uko yifashe. Kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2014 akaba ariho yashika ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge.

Abaganga basanzwe basuzuma amagara ya Itangishatse Louis bavuga ko amagara yiwe yifashe neza uretse ko yavutse atameze nk’abandi mu kugira bihimba birenze ivyo yategerezwa kugira. Kuri ivyo bihimba birenzeko, basanze yavukanye amaguru ane, abiri muriyo akaba ari hejuru y’umukondo hafi y’umutima hamwe n’akaboko gafatanye n’ayo maguru ari ku mokondo.

Abaganga bavuga ko Kantore Kelly yari kwibaruka amahasa, ariko basanga umwana afise ingorane kuko yavutse ibihimba bifatanye vy’abantu babiri.
Mwomenya ko Itangishatse Louis ari umwana w’imfura ya Kantore Kelly, bikaba bitegekanijwe kuzomubaga mu ndwi itangura y’uwa mbere Ruheshi 2014.

Sources : Igihe Burundi