UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Burundi : Menya hano urutonde rw’ibintu vyose muko bizogenda kuvyerekeye amatora y’imirije kuba y’umukuru w’igihugu

Urusansuma rw’abazoja mu matora ruzoba habanje gushigwaho imigwi
ijejwe amatora mu ntara no mu ma komine. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Petero Claver NDAYICARIYE arongoye umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI, aho yararamutse ashikiriza ku mugaragaro igitigiri c’ibibanza abakwije imyaka yo gutora bazokwiyandikishirizako. Aha ni inyuma yaho bamwe mu barongoye imigambwe bari bamaze igihe bashikiriza amakenga yabo ko hoba hagiyiye gutangura kwandika abazotora ata migwi ijejwe amatora mu ntara n’amakomine irajaho.

Petero Claver NDAYICARIYE avuga ko ibibanza vyo kwiyandikishirizwamwo bingana n,ibihumbi bitatu n,amajana ane na mirongo umunani na bitatu (3.483), bikaba bikwiragiye ku mitumba n’amakaritiye bitandukanye. Vyinshi muri ivyo bibanza ni vyo bizoca biberamwo amatora kuko nka vyose bigizwe n’inyubakwa za Leta. Ku barundi basanzwe batari mu gihugu na cane cane ingabo z’uburundi ziri kugarukana amahoro mu bindi bihugu, ivyerekeye iyandikwa ryabo umugwi CENI uzobikorana n,ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Nayo kubimaze imisi bivugwa ko abazokora igikorwa co kwandika abazoja
Mu matora amazina yabo yamaze gutangwa mu mpisho, Petero Claver NDAYICARIYE avuga ko ari ibinyoma ngo habanza gushirwaho abajejwe amatora mu ntara no mu makomine canke guha akazi abazokwandika abageze gutora, akizeza ko vyose bazobikorana n’abo vyega bose.

Mu bibazo vyabajijwe harimwo ica Yohani Minani arongoye Sahwanya FRODEBU Nyakuri, agomba kumenya nimba kubona ibikorwa bitegekanijwe bimwe vyaramaze gucerewa, nimba ico cegeranyo caciye gihinduka cose.
Umukuru w’umugwi CENI akaba yamwishuye ko kitahindutse ariko bagomvye kwisunga ivyashikirijwe n’abanyamigambwe bagize ico bavuga kukiranga misi cari catangajwe kandi ngo bagomvye no kwisunga igihe uburyo bukoreshwa mu matora bwobonekerako.

Aloys BARICAKO yagomvye kumenya nimba imigwi ijejwe amatora mu ntara no mu makomine itorongogwa n,abanyamigambwe, aho kurongorwa ahanini n’abanyamashengero, kuko ngo igikogwa c’amatora kiraba ahanini abanyapolitike.
Petero Claver NDAYICARIYE akaba yishuye ko igikogwa c’amatora atari icabanyamigambwe gusa ngo ni icigihugu cose n’abatari mumigambwe barimwo ngo rero abarundi bose bategerezwa kwibona muri iyo migwi yose hatibagiwe kwisunga amasezerano y,i Arusha asaba kwisunga ubwoko n’ibitsina.

Uwaserukiye abagendana ubumuga yasavye ko umugwi CENI woza uriyumvira abagendana ubumuga mu gutunganya ibibanza biberamwo amatora nk,akarorero bagashiraho inyandiko zikoreshwa n’abatabona kugira n’abo nyene batore biherereye.
Inyishu yaronse akaba ari uko ivyo bikoresho bisaba uburyo bwinshi CENI idafise.

Umukuru w,umugambwe CNDDFDD pascal NYABENDA yahanuye umugwi CENI ko mugushiraho imigwi ijejwe amatora mu ntara no mu makomine bokora mukiringo kirenga umwaka kugirango bashobore guherekeza igikogwa c’amatora cose kandi ngo n’abazokwandika abazotora boshiraho ababa aho nyene rusansuma rubera.
Pierre clacer ndayicariye akaba yamwishuye ko imigwi ijejwe amatora mu ntara no mu makomine itegeko rivuga ko idategerezwa kurenza umwaka kiretse ngo leta yongereje uburyo.

Yanavuze kandi no ku nkuru zavuzwe ko ngo umugwi CENI woba utazokwakira amadossiye y’abagomba kuzokwitoza bakurikiranwa n’ubutungane. NDAYICARIYE ati umugwi CENI uretse ko utaramenya n’abagomba kuzokwitoza siwo ujejwe gutanga ikarata karangamuntu ngo si nawo utanga urupapuro gwerekana ko umuntu adakurikiranwa n,ubutungane wowo ngo uraba ko ibisabwa n’amategeko u muntu agomba kwitoza ko biba bikwiye, bidakwiye ntibamwakira.

Petero Claver NDAYICARIYE akaba yijeje abanyepolitike ko umugwi CENI uzoza uraja inama n’abo kugira baze barahanahana ivyiyumviro kugira amatora ya 2015 aze agende neza.

Sources : Ingoma

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments