Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsBurundi '' kubera rino kosa rikomeye bakoze basabiwe gufungwa ubuzima bwose...

Burundi ” kubera rino kosa rikomeye bakoze basabiwe gufungwa ubuzima bwose !

Urubanza rw’abantu 70 bafashwe mu migumuko yabaye hagati y’abaporisi n’urwaruka rwa MSD rwasubiriye kwumvirizwa muri sentare rubamba. Ku bafashwe 70, abagera kuri 48 ntibashoboye kuburana kuko bamwe muribo badafise ababafasha kuburana, abandi nabo bakavuga ko batashoboye kuronka umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, bari kumwe n’abashingwamanza babo. N’aho basavye kwongerwa umwanya imbere y’uko baburana, nticabujije ko umushikirizamanza abasabira umunyororo wo guherayo


Abafashwe bose hamwe ni 70

Mu bibazo vy’intangamarara, imbere y’uko abacamanza batangura idondora ry’abapfunzwe ryatanguye nk’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu, abashingwamanza b’abo bafashwe basavye ko bohabwa umwanya ukwiye wo gusoma ivyo abo baburanira bagirizwa, kandi ko sentare yotandukanya mu mirwi abo bafashwe, na kare ko bose batafatiwe hamwe, badakurikiranwako ivyaha bimwe, kandi ko bose badafise ivyaha vyo kuburanishirizwa muri sentare rubamba. Basavye kandi ko n’ikibazo c’abana babiri batarakwiza imyaka 18 cokwirwa ukwaco, bakumvirizwa na sentare ibifitiye ububasha. Abo bashingwamanza basavye kandi ko sentare yobanza kurindira ko abaporisi bari ku ngoro y’umugambwe MSD bitwariwe bokwumvirizwa kugira baheze bagirizanye n’abo bafashwe. Sentare ntiyemeye ivyo vyasabwe ko urubanza rwobangira kuburanishwa, ica itangura guhamagara umurwi ku murwi kugira babumvirize.

Umurwi wa mbere w’abapfunzwe 48 ugizwe n’abantu 17 bafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD ku munsi wa gatandatu umunsi haba iyo migumuko, hamwe n’abandi 31 bafashwe mu bikorwa vyo kurondera abari banyaze amagara muri urwo rwaruka, ibikorwa vyakozwe n’igiporisi ku munsi w’Imana imigumuko yaraye ibaye. Umushikirizamanza yaserukiye Reta muri urwo rubanza yagirije uwo murwi wa mbere ivyaha vy’imigumuko bakoresheje ibirwanisho, ukwaka ibirwanisho abajejwe umutekano, kubakubagura hamwe n’ukubagira imbohe. Muri bose uko ari 48 nta n’umwe yashoboye kuburana, bamwe muribo bakavuga ko batagira abababuranira, abandi bakavuga ko batamenyeshejwe hakiri kare ivyo bagirizwa. N’aho abashingwamanza babo bari basavye ko bohabwa akanya, sentare yabandanije iburanisha urubanza yonyene, umushikirizamanza avuga akiyishura, abo aburanya bose bumviriza ata n’umwe yisigura kuvyo yagirizwa. Uwo mushikirizamanza yaciye abasabira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose uko ari 48.


Abacamanza ntibemeye ko urubanza rwotenyenya kuburanishwa

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 22 bafashwe mu bikorwa igiporisi cakoze ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ntwarante, akajagari karaye kabaye. Ico gikorwa cari ico kurondera abari mu migumuko boba binyegeje mu micungararo y’ingoro y’umugambwe MSD, canke mu yindi mihingo, hamwe n’abafashwe mu gatondo ko ku munsi wa gatandatu imbere y’uko imigumuko itangura. Umushikirizamanza yabagirije icaha c’uko ari abagumutsi binyegeje mubashaka kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi, kandi ko ari umurwi wari witunganije, ujejwe kuzibira abajejwe umutekano boza gutabara mu kajagari kari kuba ku muhingamo. Abo muri uwo murwi, bamwe baburanye, abo nabo bakaba ari abavuga ko bafashwe ku mwikeko bariko baja mu mirimo yindi itandukanye, canke ababonye abari mw’ikarashishi bakabinjiramwo batazi ivyari gukurikira.


Abo mu murwi wa kabiri bagizwe n’abafatiwe mu mihingo itandukanye

Abashingwamanza b’umurwi wa mbere utumvirijwe baneguye kubona sentare ishobora kubima umwanya wo gusoma ivyo abo baburanira bagirizwa, bakabona ko hoba hari iyindi ntumbero yinyegeje inyuma y’ukwo kuburanisha urwo rubanza gihutihuti. Amakuru twakuye aho kuri sentare nkuru ikukira Mairie ya Bujumbura, n’uko ingingo yo gupfunga urwo rwaruka ubuzima bwarwo bwose yoba yamaze gusohoka. Muri 70 bakurikiranwako icaha c’imigumuko n’ikiroberi, umwe gusa niwe atashoboye kurenguka kuko yari arwaje umwana akiri muto bapfunganwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, nk’uko vyashikirijwe.


Abashwingwamanza b’umurwi wa mbere baciye basohoka, kuko sentare itariko irumviriza ivyo bariko barasaba ko bohabwa umwanya wo gusoma urubanza

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments