Burkina Faso : Gen Diendere yemeye gusubiza ubutegetsi abanyagihugu yongera asaba ikigongwe igihugu.

0

General Gilbert Diendere yafashe ubutegetsi mu gihugu ca Burkina Faso, avuga ko yiteguye kubusubiza Reta y’abanyagihugu inyuma y’ibiganiro bihagarikiwe n’abahuza bo mu karere.

gen

General Gilbert Diendere, yatembagaje ubutegetsi arongoye umugwi w’abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015.

Mw’ijambo yashikirije inyuma yaho abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza basabiye umurwi w’abasirikare wari watembagaje ubutegetsi gushira ibirwanisho hasi, yasavye ikigongwe igihugu avuga ko adashaka ko hari ayandi maraso aseseka.

Igisirikare kiyoboka intwaro mfatakibanza bemeye ko umurwi w’abasirikare watembagaje ubutegetsi,ugirirwa ikigongwe ariko wemeye gushira ibirwanisho hasi.

Biravugwa ko General Gilbert Diendere yahungiye muhira ku mutegetsi umwe kama,mu gisgara ca Ouagadougou.