Buramatara wa Rutana aragabisha abadatanga intererano y’amatora ya 2020!

0

Mu rwandiko Buramatari w’intara ya Rutana yashize ahabona, argabisha abanyagihugu bose atwara muri iyo ntara ko abatazoba baratanga ‘intererano basabwa y’amatora ya 2020 gushika itariki 15 Kigarama 2018 ko bazokwibonerako’.

Muri urwo rwandiko,ayo mafaranga asabwa ku bw’intererano z’amatora ya 2020 ni amafaranga y’amarundi ashika ku 2000 ku rugo hamwe namafaranga 1000 ku musore canke inkumi nbafise imyaka 18 kuduga.

Ariko rero, igihe hatanguzwa isekeza ryo kurarikira abanyagihugu gutanga intererano z’amatora ya 2020 leta y’Uburundi yamenyesheje ko ari ‘ugutanga iyo ntererano ku bushake’.

None ubwo abo ba Buramatari b’intara twovuga ko ubuyobozi batabwumvise canke nukuburengako? Inyishu yotangwa n’ababakurira kumbure.

Raba hano urwo rwandiko rugabisha abo banya Rutana: