Bujumbura : Umusirikare wo kurwego rwo hejuru Major Ndayikeza yarahunze igisoda.

0

Amakuru adushikira kuri uyu wa 28/9/2015 kandi yemezwa n’umuvugizi w’igisirikare Gaspard Baratuza , Major Ndayikeza Emmanuel yari asanzwe ari icegera c’uwutwara ikambi ya Muha yaragiye kuva mw’ijoro ry’uyu wa gatandatu 26/9/2015 .

baratuza
Colonel Gaspard Baratuza ( Umuvugizi w’igisoda )

Umuvugizi w’igisoda Colonel Gaspard Baratuza yabimenyesheje kur’uno wa mbere; akavuga ko uwo musirikare wo kurwego rwo hejuru amaze imisi adatonda ku mirimo kandi ata mvo z’ugusiba kwiwe yamenyesheje inzego zibijejwe.

N’aho umuvugizi w’igisirikare wewe yemeza ko uwo mutegetsi mu gisoda yagiye wenyene , amakuru dukura mw’ikambi y’igisoda ya Muha yemeza abasoda 31 bajanye n’uwo mutegetsi yahora ari icababa c’umukuru w’ikambi .

Ayo makuru nyene abandanya yemeza ko muri abo 31 , abashika 29 bagiye bambaye inkoho zitatu zitatu ; mubagiye hakaba harimwo n’uwujejwe ububiko bw’inkoho muri iyo kambi nyene .

Uwundi yakuye meza mu gisoda ca Nkurunziza , ni Lieutenant – colonel Nshimirimana Edouard yari asanzwe ajejwe guhanahana canke ” transmission “; ivyo bikaba bibandanya kumera nabi gutyo mu gihe Nkurunziza wewe yemeza ko amahoro ahari ku bice 99%