Bujumbura-Rural: Abantu bane baburiwe irengero

0

Abantu bane bagizwe n’urwaruka baraburiwe irengero kuva kuw’Imana igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2017,inyuma y’igitero cabaye muri Zone Rukaramu ,Komine Mutimbuzi,intara ya Bujumbura Rural.

Amakuru ava mu banyagihugu bo ngaho mu gatumba,mu gace kitwa Warubondo, akemezwa kandi n’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu ACPDH amenyesha ko umurwi w’abarwanyi ba Colonel NZABAMPEMA aribo bagize ico gitero muri ico gice.

Ayo makuru avuga ko abo barwanyi ba Colonel NZABAMPEMA bivye ibintu vyo mu mazu,imbere y’uko abasirikare ba Reta bahashika,bakarasana n’abo barwanyi muri iryo joro nyene,baca bahungira mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Imiryango y’abo basore ivuga ko ata nkuru n’imwe bafise ku bijanye n’aho abana babo bageze ubu.

Abo banyagihugu bo muri Zone Rukaramu bavuga ko ibitero vy’abarwanyi ba Colonel NZABAMPEMA vyama biza bibagana,bagasaba abategetsi gukomeza umutekano wabo muri ico gice gihana urubibe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, n’ishamba cimeza rya Rukoko.