Bujumbura na Kigali ngo bosigaye ari abakeba

0

 

10291002056_578b347eb1_z

Uburundi n’Urwanda muri kino gihe ngo boba barabana nk’imbwa n’akayabu nkuko ikinyamakuru RFI kivyandika, ngo mu biro bijejwe ipererezo mu Burundi bagiriza igihugu c’Urwanda kuba kiriko kirigisha kandi kikanarungika Imirwi yitwaje ibirwanisho. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda ndi n’amakungu  yamenyesheje ko Leta ya Bujumbura yarikwuye gufata mu minwe ibibazo biyega apana kuvyegeka ku rwanda.

Ivyo bikaba bivuzwe inyuma y’igitero cabaye mu ntara imwe mu Buraruko bw’igihugu aho bivurwa ko abantu bitwaje ibirwanisho kandi bambaye impuzu za gisirikare bari bavuye mu rwanda aribo bateye. Ivyo ariko bikamirirwa kure n’abemanga ico gitero kuko bavuga ko ibirindiro vyabo biri mu Burundi bikwiye kandi ko batari bavuye mu rwanda.