Bujumbura: Imvukira za komine Ntahangwa zasavye imbabazi umukuru w’igihugu

0

Abanyagihugu baba muri Komine ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura basaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gukorana n’inzego zose za Reta kugira abanyagisagara bose bahunze igihugu bagaruke mu gihugu.

Inyuma y’inama yabaye mu mwiherero yahuje umukuru w’igihugu n’imvukira za Komine Ntahangwa kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017,icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean-Claude KARERWA yavuze ko abanyagihugu bo muri Komine ya Ntahangwa bashimye igikorwa c’umukuru w’igihugu co kubagendera.

Jean-Claude KARERWA amenyesha ko mvukira za Komine Ntahangwa zaboneyeho akaryo ko gusaba imbabazi umukuru w’igihugu mu kibanza c’abavukanyi babo kubera ibikorwa vyo gusambura bagiyemwo ,mu mwaka wa 2015.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko ,ku ruhande rwiwe umukuru w’igihugu yemeye kubaguma hafi kugira batsimbataze amahoro n’umutekano mw’ikomine yabo,aca abasaba kuba aba mbere mu gukunda igisagara cabo.

Umukuru w’igihugu yavuze ko mu gihe umurwa mukuru w’igihugu uri mu bibazo,ari igihugu cse kija mu bibazo,aca abasaba kutumviriza ababahenda ,kuko abagizi ba nabi benshi baca ku murwa mukuru.