Bujumbura: Igipolisi gihamagarira Abanyagihugu Kuba Maso Kubera Ubusuma Bwiyongereye.

0

Ubusuma bukorwa n’abasuma bitwaje ibigwanisho bwagwiriye mu ma quartier y’igisagara ca Bujumbura.Muri iyi ndwi yonyene, abasuma bitwaje ibigwanisho barafashwe n’igipolisi mu ma quartiers amwamwe y’igisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, yavuze ko umusuma yari yitwaje umupanga yishwe n’igipoliasi muri zone ya Kinindo mwijoro ryo ku musi wa gatatu ushira uwa kane muri iyi ndwi, abo bakorana batatu bariruka.Uyo musuma yari ahejeje kunyaga ivyari mwiboutike mu Kinindo, nkuko Pierre Nkurikiye abimenyesha.

Pierre Nkurikiye, Umuvugizi w’Igipolisi

Muri iryo joro nyene, uyundi musuma yarakomerekejwe n’urusasu rurashwe n’igipolisi muri quartier ya Buterere imbere y’uko ahunga. Naho nyene, Pierre Nkurikiye yibaza ko uyo musuma yari ahafise akagwi bari kumwe.

Muri zone Gihosha, hari uwukirinmuto umwe w’umuhungu yasahuwe ivyo afise vyose kiretese gusa impuzu yari yambayye igihe yariko ataha I muhira iwe.Abo basuma bamunyaze bagiye batwaye telephone yiwe ngendanwa, amafaranga hamwe n’ipikipiki, vyose vy’uwo musore.

Umuvugizi w’igipolisi, Pierre nkurikiye akaba ahamagarira abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura kuba amaso hamwe no gukorana neza n’igipolisi kugira hatuzwe imigwi y’abasuma itera ubwoba mu makartier yo mu gisagara ca Bujumbura.