Mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu itariki 12 Nyakanga 2017, abantu batandatu baarateye ibiro vya ONU bijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu Burundi biri mu gisagara ca Bujumbura. Abegereye ivyo biro bamenyesha ko hari nk’isaha cumi z’igitondo aho abo bantu bitwaje ibigwanisho binjira muri iyo nyubakwa barasa amasasu.
Naho umutegetsi ajejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu Burundi ataragira ico avuze, ivyo biro vyaranyazwe bimwe bimwe. Abakozi bahakora baciye basabwa gusubira muhira.Mu nyuma haraje abasirikare bongereza gucungera umutekano mu gufasha abandi basanzwe bawucungera muri ico kibanza.
Ibiro vya ONU bijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu bisanzwe vyagirizwa na Leta y’uburundi kuba bitanga muri ONU ivyegeranyo birimwo amakosa ku Burundi, maze hakaba haheze amezi atari make ivyo biro bidakorera mu gihugu hagati. Ibi bishitse kandi mu gihe Leta y’Uburundi iheruka kwagirizwa na ONU ko hakozwe ubwicanyi bukabije mu Burundi maze CPI ikurukirane abagirizwa.
Abakoze ico gitero ntibaramenyekana, eka n’igipolisi ntikiragira ico kivuze kuri ico gitero. Impamvu z’ico gitero zikaba zitaramenyekana.
Recent Comments