Bujumbura : Havugwa igitero canke gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA

0

Amakuru atandukanye avuga ko umutekano ushobora guhungabana mu Burundi abandanya kuvugwa, yaba ku mbuga ngurukanabumenyi, canke mu biyago hagati y’abantu. Ivyo bivugwa mu gihe abasirikare hamwe n’abaporisi baguma baboneka ku bwinshi mu gisagara ca Bujumbura, hamwe no mu makaritiye. Umumenyeshamakuru wa UBM News ari i Bujumbura yabonye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, imiduga myinshi irimwo abasirikare n’abaporisi muri zone ya Cibitoke na Mutakura, ahabereye imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Inkuru zivugwa ni iz’igitero gishobora gukorwa, canke irindi geragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi bwa NKURUNZIZA.

Mu giporisi c’Uburundi ntibahakana ko barwijije ibikorwa vy’ugukizura, bakavuga ahubwo ko ubu hagiyemwo n’imiduga hamwe n’ibindi bikoresho vyo mu ngwano bikoreshwa mu gukizura.

OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ukwo gukizura ari ibikorwa vya minsi yose vy’abajejwe umutekano.

Ku bivugwa ko hashobora kuba igitero canke isenyurwa ry’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, Pierre NKURIKIYE avuga ko ico ari igihuha. Kubwa NKURIKIYE, iyo himirije ihuriro ry’abategetsi bakomeye, hakunze kuvugwa ibihuha vyinshi.

Tubibutse ko kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2017 ariho hazoba inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izobera hanze y’Uburundi, muri iyo nama bakazokwiga ikibazo c’Uburundi. Uburundi bwaramaze kumenyesha ko buzokwitaba iyo nama, ariko akaba atawuramenya namba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe azoserukira Uburundi canke namba azorungika intumwa zimuserukira.

Mu mwaka w’2015, Petero NKURUNZIZA ari mu nama nk’iyo muri Tanzaniya, niho haba igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi bwiwe ryakozwe na General Gpdefroid NIYOMBARE. Kuva uwo munsi, nta nama n’imwe ibera hanze y’igihugu Petero NKURUNZIZA arasubira kujamwo, akaba atarasubira gusohoka Uburundi kuva ico gihe, imyaka ibiri igira ikwire kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2017.