Bujumbura-Bwiza: Abantu 10 Bakomeretse Mu Gitero Ca Grenade.

0

Amakuru ava muri Zone Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko abantu bitwaje ibigwanisho bakoze igitero ca grenade ku kibanza c’Ubunywero bwitwa “Kubajandarme” buri kwibarabara rya kabiri mu Bwiza,muri commune Mukaza y’igisagara ca Bujumbura;aho hakaba hari mu masaha ya saa mbili n’iminuta 30 zijoro ejo ku musi wa mungu itariki 16 Mukakaro 2017.

Umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, abicishije ku rubuga rwa Twitter, ko ico gitero catumye abantu 7 bakomereka bariko barizimya akanyota muri ubwo bunywero.

Kuri uyu musi wa mbere,itariki 17 Mukakaro 2017, igitigiri cabakomeretse ciyongereye gushika ku bantu 10.

Pierre Nkurikiye, Umuvugizi w’Igipolisi c’Uburundi.

Nkurikiye akaba yamenyesheje ko abakoze iryo bara baciye batungwa nayo bameze,maze baca basiga ngaho imodoka yo mu bwoko bwa PROBOX muri ico kibanza.

Abakomeretse bakaba baciye batwarwa kuvurirwa mu bitaro vyegereye vyo mu gisagara ca Bujumvura.

Ico gitero ca grenade muri Zone Bwiza kije kigira kabiri inyuma yicabaye mundwi yo kuwa 3 gushika 9 Mukakaro 2017 kwibarabara rya 4 muri Zone Bwiza.Gushika nubu akaba ata numwe mu bakora ivyo bitero vya Grenade arafatwa maze ashikanwe imbere y’Ubutungane.