Bujumbura: Abavyeyi batewe impungenge n’indero y’abana bayobewe ikibazo ca Reta

0

Abavyeyi bafise abana bayobewe ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro bamenyesha ko batewe impungenge n’indero y’abana babo. Bavuga ko abana badafise ikibakurikirana.

Nkuko bishikirizwa n’abavyeyi bafise abana bayobewe ico kibazo mu mwaka w’ishuri wa 2015 ushira umwaka wa 2016,abana babo ntibafise ikibakurikirana kuko babuze ashure basubiramwo umwaka.

Abo bavyeyi bamenyesha ko ingingo y’ubushikiranganji bw ‘indero yo kwankira bana gusubiramwo umwaka,itagize ingaruka mbi ku bana gusa,ariko ko yagize ingaruka no ku bavyeyi b’abana.

Bavuga ko kuva umwaka utanguye,abana bataronse aho basubiramwo umwaka baciye batangura kunwa ibiyayuramutwe,abandi nabo bakaba batanguye gukora ubuzi butandukanye nko mu bunywero n’ahandi.

Baba abavyeyi canke abana basaba ko Reta ibicishije mu bushikiranganji bw’indero yokora ibishoboka vyose kugira abana bataronse akaryo ko gusubira mw’ishuri,baronke ico bakora mu kurindira ko hatunganywa amashuri bokwigamwo.