Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bamenyesha ko baterwa ubwoba n’ibirwanisho bikomakomeye abajejwe umutekano bagendana kandi abategetsi b’Uburundi babandanya kumenyesha ko umutekano wifashe neza mu gihugu cose. Mu bushikiranganji bw’umutekano bamenyesha ko ivyo birwanisho biba bifise igikorwa c’ugukingira abanyagihugu hamwe n’abategetsi batandukanye.
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano, asigura ko naho umutekano uhari, abawujejwe ntiboca baryama umukondorazosi, kuko umutekano w’abategetsi ucunzwe neza, n’uw’abanyagihugu bigenda uba ucungerewe.
Nk’uko uwo mushikiranganji yabimenyesheje, inkoho zikomakomeye zirinze zisohorwa mu bubiko, abajejwe umutekano bakazigendana, haba hari impamvu, kuko ku bwiwe, inzego z’umutekano zitegerezwa kumera magabo kuko ibihungabanya umutekano bigumaho.
Alain Guillaume BUNYONI avuga ko muri kahise bimaze kwibonekeza ko iyo hagandaguwe indongozi yo hejuru hakurikira amagorwa ku gihugu n’abanyagihugu, agashikiriza ko bikenewe ko inzego ziba zaratowe zikingirwa.
Recent Comments