Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura burarajwe ishinga n’ingeso mbi zimonogoje, aho urwaruka rutari ruke rwijukiye ubuhumbu, ari naco gituma mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bagiye gufata ingingo ruhasha kugira batuze izo ngeso.
Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bavuga ko barajwe ishinga n’itituka ry’imico ryimonogoje mu gisagara ca Bujumbura, aho ivyo kudandaza umubiri vyabaye ndanse.
Ubunyamabanga bukuru bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko bugiye gufata ingingo ruhasha kugira batuze inzo ngeso, nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, Thamar Sinigirira, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu.
Muri ubwo buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, bamenyesha ko hari cane cane urwaruka rwamaze kwijukira akazi ko kudandaza umubiri, ivyo navyo bikaba bibateye umutima uhagaze, kuko muri kino gihe hari n’abana usanga bapfuye mu buryo butangaje, aha bagatanga akarorero k’umwigeme aheruka gupfira muri karitiye y’icenda mu Ngagara.
Muri mairie ya Bujumbura basaba abasitanteri kuraba amazu yose akorerwamwo ubuhumbu, maze batange ibihano hisunzwe amategeko. Basaba ko amasaha yo kwugurura no kwugara ubunywero yokwubahirizwa, bagasaba kandi ba nyene amahoteri kuza barandika abakiriya babo, hamwe no guhimiriza abarongoye amashure gukorana n’abavyeyi mu gufasha mu ndero y’abana.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments