Bubanza : Umutama w’imyaka 60 yagirizwa gushurashuza umwana w’imyaka ine

0

Umugabo w’imyaka 60 y’amavuka yagirizwa ugufata ku nguvu umwana w’umukobwa w’imyaka ine mu ntara ya Bubanza. Igiporisi co muri iyo ntara cataye muri yompi uwagirizwa ico caha.

Abavyeyi b’uwo mwana yafashwe ku nguvu bavuga vyakozwe n’umutama asanzwe ari umubanyi wabo, akaba yaheruka mu munyororo w’amezi atandatu, naho nyene yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umukobwa. Abo bavyeyi batewe amakenga n’uko ashobora guca arekurwa nk’uko vyagenze ubwa mbere, bagasaba ko yocirirwa umunyororo w’uguherayo kuko igihano c’ugupfa cakuweho mu Burundi.

Uwo mwana yaciye ajanwa kw’ivuriro kugira bamukingire ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.