Bubanza : Umusore atwara ipikipiki yishwe

0

Umusore azwi kw’izina rya Egide yahora akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ipikipiki yishwe n’umuntu yari yunguruje, akaba yamugandaguriye ku mutumba Gahungere, mu ntara ya Bubanza. Uwo mwicanyi yaciye agenda atwaye iyo pikipiki, impapuro ziyiranga, hamwe na Terefone ngendanwa.

Uwo yishwe baramwivye n’amafaranga ataramenyekana igitigiri. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amatohoza y’ukumenya uwishe uwo musore yamaze gutangura.

mala

Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe hari ikiziga c’uwundi musore w’imyaka 17 azwi kw’izina rya Samuel HAKIZIMANA catowe kuri uwu wa gatanu muri zne ya Kanyosha. Uwo yatowe ikiziga avuka muri iyo zone nyene ya Kanyosha, nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro.

Samuel HAKIZIMANA yishwe acumiswe imbugita mw’izosi, abakoze ubwo bwicanyi bakaba bataramenyekana, nk’uko mu giporisi muri zone ya Kanyosha babishikiriza.