Bubanza : Inzara imaze kwica abantu bane mu kwezi kumwe

0

Abantu bagera kuri bane nibo mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa kwa Nzero 2017 bamaze gupfa bahitanwe n’inzara igisibije mu ntara ya Bubanza. Abo bitavye Imana ni abo muri komine Gihanga, nk’uko bivugwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine.

Abanyagihugu bugarijwe n’iyo nzara bavuga ko bashobora kumara iminsi igera kuri itatu ataco bafunguye. Ibiterwa bari bateye nka vyose vyarumye bitewe n’uruzuba rwatse ku bwinshi.

Uretse abo bamaze kwitaba Imana, abandi batazwi igitigiri bararwaye kubera ikigoyi, bikunyurwa n’uko ata n’amazi meza ahari muri iyo komine.

Abajejwe intwaro bagasaba ko abagira neza ko bogarukira kuri abo banyagihugu amazi atararenga inkombe.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here