Bubanza : Abayobozi babiri b’amashure baciriwe igihano c’ugupfungwa

0

Abayobozi babiri b’amashure shingiro yo mu ntara ya Bubanza baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri n’igice hamwe n’ugutanga umwe wese ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 100 y’amarundi. Ico gihano cafashwe na Sentare nkuru ya Bubanza. Abo bayobozi bari bamaze indwi yose bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’ i Bubanza.

Mu ntahe y’icese yabaye, abo bayobozi babiri aribo Hashimagizwuhoraho Eraste hamwe na Hakizimana Ferdinand bagiriwe n’icaha co gufashanya mu kwiba ikibazo ca Reta cariko gikorwa kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018. Abo bayobozi uko ari babiri bagirizwa ko ku munsi y’ikibazo, binjije inyishu aho ico kibazo cariko kirakorerwa, bazihereza abanyeshure.

Sentare nkuru ya Bubanza yahanishije abandi bigisha batanu umunyororo w’umwaka umwe, hamwe n’ugutanga umwe wese ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana. Abo nabo bagirijwe ko babonye ivyo vyakozwe n’abo bayobozi aho batanga inyishu z’ikibazo ca Reta cariko kirakorwa n’abanyeshure, ariko ntibabivuga.

Tubibutse ko imbere y’uko ico kibazo ca Reta gikorwa, umushikiranganji w’inyigisho yari yamenyesheje ko ingingo zikomeye z’ugukomeza akanovera k’inyigisho mu Burundi zafashwe. Murizo, harimwo ko ishure rizosubira kudashikana ibice mirongo itatu kw’ijana mu kibazo ca Reta, ko umuyobozi w’iryo shure azoca akurwa mu kazi.