Bruno:Ndashima Imana kuba ngiye gutanguza studio yo gufotora yanje

0

Umufotozi akomeye cane hano mu gihugu cacu c’uburundi ariwe Bruno arashimira Imana ko indoto ziwe zigiye gushika muri ino minsi ya vuba
bruno

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Bruno akaba yashoboye kutubwira ko muri ino minsi agiye kwugurura studio yiwe yo gufotora kandi ko yiteze ko ibintu bizogenda neza cane gusumba uko vyahora niyamara kuronka iyo studio yiwe yo gufotora,Bruno akabandanya ashimira abantu bose bagize ico bakora kugira atanguze iyo studio yo gufotora,
Tumubajije ati kuva ugitangura gushika ubu hari itandukaniro rihari?
Bruno akaba yatubwiye ati:nukuri mvuze ko ata tandukaniro rihari noba mbeshe kuko ubu ndaronka abantu benshi bandondera bashaka ko dukorana,ko ndabafotora kandi baza ari benshi cane

Tworangiza tubamenyesha ko Bruno abandanya tera akamo abantu bose bipfuza kwifotoza iwiwe yuko bomwegera