Nkuko biri mwi kete ryo gutanga imihoho yandikiye Alain Ntamagendero umuyobozi w’infatakibanza wa RPA “Ijwi ry’abanyagihugu, amumenyesha ko yatanze imihoho kubikorwa vyose yahora akora ngaho kuri RPA, aho ndetse Serge Nibizi yararongoye ibiganiro vyose bica kuriryo nsamirizi “Chef des programmes” hamwe no mu kiganiro “Kabizi” na “Abanduserukira” ibiganiro bihora bica kuriyo Radio kandi vyumvirizwa n’abantu benshi cane.
Serge Nibizi akaba yanditse kuriryo kete ibintu bimutumye atanga imihoho biri mu rurimi rw’igifaransa yavuze ati: “Pour des raisons de conscience professionelle”. Mu kirundi twobivuga ko ari kumvo z’akarangamutima kumwunga yarasanzwe akora. Iryo kete rikaba ryarungikiwe abatwara ibisata bitandukanye muriyo nsamirizi ya RPA “Ijwi ry’ Abanyagihugu
Abenshi kugeza ubu batanguye kwibaza aho yoba agiye , bamwe bakibaza ko yoba agira aje mu rukino rwa Politique nkuko bikunda gushika kenshi ku bamenyeshamakuru iyo hageze ibihe vy’amatora.
UBM News tubibutse ko Iryo tanga imihoho ku mu menyeshamakuru Serge Nibizi rishitse aho ikiganiro “Kabizi” yahora agirisha arico kiganiro cabaye ica mbere cumvirizwa n’abantu benshi mu Burundi, ivyo bikaba vyemezwa mu cengeranyo ikigo Imar co mu Bufaransa giheruka kugira.
Recent Comments