Breaking News : Umukwe wa Petero Karaveri MBONIMPA yagandaguwe arashwe amasasu menshi ” Raba hano

0

Pascal NSHIMIRIMANA, umukwe wa Petero Karaveri MBONIMPA umukuru w’ishirahamwe APRODH yagandaguwe n’abantu bataramenyenkana, bamurashe mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu gihe yari mu muduga imbere y’urugo rwiwe, avuye ku kazi.

Abagandaguye Pascal NSHIMIRIMANA, umugabo wa Zigene MBONIMPA umukobwa wa Petero Karaveri Mbonimpa bamutegereye atashe avuye ku kazi nk’igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo itatu. Imodoka yiwe yatewe gerenade, abamugandaguye bamurasa amasasu menshi, aca yitaba Imana.

umukwe
Pascal NSHIMIRIMANA (i bubamfu), umugabo wa Zigene MBONIMPA (i buryo), umukobwa wa Petero Karaveri Mbonimpa

Pascal NSHIMIRIMANA yagandaguwe n’abantu bataramenyekana, imbere y’urugo iwe ruri mu Ngagara muri karitiye y’icenda, hafi y’urugo rwa Daniel Gelase NDABIRABE umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD.