UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Breaking News : umukuru w’iradiyo RPA ” Bob Rugurika ” yinjiye ibohero rya Mpimba

Amasaha hafi ariko ararenga indwi Bob Rugurika ariko arumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura Emmanuel Nkurikiye hafashwe ingingo yo kumujana mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Bob Rugurika umukuru w’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA akaba yatanguye kumenyeshwa ko yarengutse nk’umumenyeshamakuru, ivyiyamirijwe n’abamuburanira Lambert Nigarura na Jean Bosco Ngendakuriyo, kuko bavuga ko Bob Rugurika ari umuyobozi w’iyo radiyo, kandi yarengutse nk’umuyobozi. Bobo Rugurika rero akaba yahatswe kurekurwa nk’uko tubishikirizwa na mugenzi wacu ariko akurikirana urwo rubanza. Cherif Nkeshimana akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA, yaciye yagirizwa ko yafadikanije n’abicanyi, ko ndetse ari nawe abakingira.

Ivyo vyaha akaba yavyagirijwe mu gihe amatohoza iyo radiyo yakoze, yerekanye ko bamwe mu bakozi b’igendereza bafashijwe n’uwahoze arongoye igendereza Adolphe Nshimirimana hamwe n’abandi nk’umuporisi yitwa Ayubu aribo bateguye ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’abatariyanokazi.

Mukamenya ko aho ari muri parake y’igisagara ca Bujumbura abatari bake baje kumushigikira, harimwo abaserukira ibihugu vyabo, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, abamenyeshamakuru bo mu Burundi n’abo mu bindi bihugu. Bob Rugurika rero akaba ajanywe mw’ibohero rya Mpimba n’umuduga w’igiporisi kuri uyu wa 20 Nzero igihe c’isaha 11 zibura iminota umunani. Abari aho bakaba bakubiswe n’inkuba babonye yurijwe umuduga agiye, aho bamwe mu banyagihugu bakoroye amosozi, abandi bata induru ku munwa.

SRC : IGIHE

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments