Breaking News : Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahejeje kurahira

0

Hari isaha zine aho ibirori vy’ukwimika ‘umukuru w’igihugu c’uburundi ku kiringo c’imyaka 5 vyatangura. Nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru bitandukanye abanyecubahiro baserukira abaserukizi b’ibihugu vyabo nk’ubushinwa, Kenya, uburusiya, afrika y’epfo nabo bari bahashitse. Ariko abanyaburaya bo bakaba batari bahari nkuko amakuru dukesha umumenyeshamaku w’umufaransa abivuga, ngo ntibari batumiwe.

nkuru-9-a49e5

Mwomenya ko itariki y’uno musi itarizwi ariko vyari bitegekanijwe ko azorahira imbere y’igenekerezo rya 26/8 kuko ari naho ikiringo ca kabiri ciwe kirangirira.

Abasirikare batari bake bakaba Bari bashizwe mu micungararo yo mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe nkuko amakuru dukesha abari ngaho abivuga.

nkuru6-283eb

UBM News tubibutse ko inzego nshasha zigiye gutwara Uburundi zavuye mu matora abatari bake bavuga ko batayemera kuko bavuga ko hatakurikijwe n’ibisabwa n’amategeko, kandi ko harenzwe kumasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro.

nkuru4-93e3b

nkuru1-2-83cf9

14-15-782ae

15-13-29025