UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Breaking News : Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Afrika y’Epfo

Reta y’Uburundi yateye umukono ku masezerano yo gufashanya hamwe na Reta ya Afrika y’epfo. Ayo masezerano ashiraho umurwi ugizwe n’impande zompi uzokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano.


Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari kumwe na Jacob Zuma aramutswa Afrika y’Epfo

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe na Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo barakurikiranwe igikorwa co gutera umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi na Afrika y’Epfo. Ayo masezerano yateweko umukono n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ivyo bihugu vyompi, ico gikorwa kikaba cabereye i Cap Town, mu nyubakwa z’inama nshingamateka y’igihugu ca Afrika y’Epfo. Ivyo bihugu vyompi vyumvikanye gufashanya mu bijanye n’inkino n’imico kama.

Mu nama yahuje abarwizatunga b’abarundi n’abo muri Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahamagariye abarwizatunga bo muri Afrika y’Epfo kuzana imitahe yabo mu Burundi, kuko ari igihugu gisigaye kirangwamwo amahoro, kandi corohereza abanyamitahe.

Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yamenyesheje ko igihugu arongoye kizokwama hafi y’Uburundi mu bijanye n’uguhanahana ubumenyi.

Sources : Igihe

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments