Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ngo umutekano wiwe woba utifashe neza nkuko ayo makuru adushikira abivuga. Ayo makuru nyene dukesha ikinyamakuru Bujumbura News avuga ko uwahoze arongoye iperereza Adolphe Nshimirimana ariwe ashaka kugandagura umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Ushobora kuba wibaza impamvu vyoba biriko bigenda uko, ngo impamvu nuko umukuru w’igihugu yoba yumviye akamo abarundi n’amakungu boba baramuteye ko kudasubira kwitoza ubugira gatatu. Nkuko ayo makuru nyene abandanya abivuga ngo uwashoboye gushira ahabona ayo makuru n’umufasha w’umukuru w’igihugu DENISE Nkurunziza.
Mwibuke ko ico kinyamakuru nyene arico camenyesheje ko i Roma hariko habera ibiganiro bihuza ubutegetsi nabo bitavuga rumwe bahurikiye muri M26, ivyo biganiro bikaba bitarahera ariko baka bemereye nkurunziza kuzomukingira aramutse avuye ku butegetsi, ivyo bikumvikana mu majambo umufasha w’umukuru w’igihugu yashikirije aho yahamagara abarongoye ico kinyamakuru:<< Ndabasavye mubwire abari ku mutwe wibiganiro vyabereye i Roma yuko umuryango wanje ukeneye ko muwukingira nkuko bavyemeranije>>.
Recent Comments