Inyuma y’ukwumvirizwa umunsi wose ku mutahe wo kumuhagarika wasohowe na Arcade Nimubona, Petero Karaveri Monimpa, Umukuru wa APRODH yinjijwe Mpimba.
Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfungwa APRODH akaba yahagaritswe ku mutahe w’umushikirizamanza atwara parake ya Bujumbura Archade Nimubona. Ico yagirizwa ntawurakimenya, ariko mukamenya ko yari asanzwe afise umutahe wo kuzitaba ku wa mbere w’indwi iza, igenekerezo rya 18 Rusama uwu mwaka, ndetse Mbonimpa akavuga ko yonawitavye.
Ariko amakuru amwe akavuga ko uwo arongoye rimwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike yoba yagirizwa ivyo yari amaze iminsi ashikiriza mu binyamakuru bitandukanye, aho yavuga ibijanye n’umurwi w’urwaruka uri mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi, uwo murwi nawo ukaba woba uriko ukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare, aho ndetse yanatanze n’amasanamu y’urwo rwaruka, aranavuga n’uwitwa Kazungu akorera igendereza ry’Uburundi yoba akorana n’uwo murwi.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments