Umukuru wa Burkina Faso ” Blaise Compaore ” yatangaje ko atanze imihoho inyuma y’iminsi ibiri y’imyiyerekano y’abantu bashaka ko ahava.
Yari amaze imyaka 27 ku butegetsi.
Comapore yasohoye itangazo avuga ko intebe y’umukuru w’igihugu ubu igaragara kandi ko amatora azoba mu mezi atatu. Umukuru w’ingabo General Honore Traore yamenyesheje ko aciye afata ubutegetsi.
Uyu musi abanyagihugu bo muri Burkina Faso bari mumunezero udasanzwe nyuma yo kwunva ko Blaise Compaore yatanze imihoho
Imbere y’aho umusirikare w’intwazangabo muri Burkina Faso avuga ko prezida Blaise Compaore atakiri ku butegetsi, Uwo musirikare yabibwiye isinzi ry’abantu bazindukiye mu mabarabara ku murwa mukuru Ouagadougou basaba Compaore gutanga imihoho.
Abantu amajana n’amajana bari basubiye kuzinduka bashwara ku munsi ugira kabiri umurwa mukuru wa Burkina Faso Ouagadougou, basaba prezida Blaise Compaore gutanga imihoho, Umukuru w’Igihugu ca Burkina Faso Blaise Compaore yagomba kuva ku butegetsi nyuma y’amatora yo mu mwaka uza.
Yagiye kubutegetsi mu 1987 amaze gutembagaza ubutegetsi bwa SANKARA, akaba yaratsinze amatora menshi vyavugwa ko yabayemwo utunenge.