Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsMkombozi yoba aza yamaze kugera hano muri America '' Menya hano igisagara...

Mkombozi yoba aza yamaze kugera hano muri America ” Menya hano igisagara abamwo hamwe n’ukuntu yavuze.

Amakuru yihuta adushikiriye kano kanya hano kuri UBM News ariko ataremezwa neza, avuga ko umuririmvyi Nzeyimana Mkombozi yuko ubu yoba aza yamaze gushika hano muri Leta zunze ubumwe za America.

mkombozi

Ivyo rero bikaba bishitse nyuma yaho aburabujwe ndetse agahakwa kwica aho we yahisemwo guhunga igihugu cu Burundi , abenshi rero nyuma yo kwumva ko atakiba mu Burundi baguma bipfuza kumenya igihugu yoba asigaye abamwo.

Mu majambo uno muririmvyi yivugiye ndetse aho vyerekana ko ari mugisagara ca Phoenix, Arizona hano muri America, we yagize ati : Indege jewe ndayanka yoyatumye dutandukana,yantwaye kure ya maso so far away,indege nzoyikunda niyo yangarukana.nkabandanya na NZEYIMANA TOUR.ndakumbuye kubona idrapeau yacu nziza,ivyibutso vyacu,abafans banje,ababanyi banje,aba motards naba tax velo.har abana 40 bomwibarabara harya muri vile,nabarondeye samedi le 10/01.2015,nari nababwiye ko dimanche le 11/01.bzoba nd ibuhonga ariko lundi le 12.muma saha 9,nzobasange hafi ya Bonesha fm ndabahe umuceri n’inyama,mfashijwe nuwitwa HASSAN NYAMA w inutakura afiseho boucherie,yari yemeye gutanga 80kilos zinyama,nanje umuceri nimpuzu…ariko vyose vyapfiriye kuwa Mubgu nyene batwaye Ellyz boy.numva agahinda kubona abana barandindiriye batambona,Imana irambabarira,kuko nanje si je.ariko je dois le faire kandi vuba.Jah bless,miss u burundi,love u all.

nzeyimana

UBM News nkuko arico kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America tubemereye ko tugiye kurondera uno muririmvyi kugirango tumubaze muko bimeze hamwe n’imigambi yoba afise mumuziki asanzwe akora.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments