Amakuru ava muri Kenya avuga ko abajejwe umutekano bishe abantu batanu bakekwa kuba ari abo mu mugwi wa ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab.
Bivugwa ko abo bishwe bariko barategura ibitero vy’abiyahuzi.
Ibitangazamakuru vyo muri Kenya bivuga ko ivyo vyabaye kuwa Gatandatu, mu muji uri ku rubibe wa Moyale, igihe abo batanu bariko baragerageza kwinjira muri Ethiopia.
Umuvugizi w’urwego rujejwe kwivuna abansi yavuze ko abo bantu basanganywe mu muduga ibiro ijana vy’ibiturika hamwe n’impuzu zambarwa n’abiyahuzi.
Yavuze ko abo bagabo barashe ku bajejwe umutekano, nabo barabasubuza barabica.
Sources : BBC
Recent Comments