Umugwi ujejwe gutegura amatora CENI wamenyesheje kuruyu wa kabiri ko utazokwakira ama dosiye yabitoza bafise imanza mubutungane. Prosper NTAHOGWAMIYE umuvugizi wa CENI asaba imigambwe yose ko yokurikiranira hafi amatora.
Agathon RWASA uvuga ko atangazwa n’ingingo y’umugwi wo gutegura amatora CENI, ivuga ko batazokwemera ko abantu bakurikiranwa n’ubutungane bitoza, ati umuntu wese ivaha kitaragira aba yera. Agathon RWASA akavugako CENI yoba ishaka gukumira abanyeporitike bamwe bamwe ntibaje mu matora.
Agathon RWASA akaba afise urubanza mubutungane,aho abanyamurenge bamwitwariye ko yoba afise uruhara mu bwicanyi bwahitanye abanyamurenge batari bake mu gatumba mu 2004.
Recent Comments