Breaking News ” Icegera ca 2 c’umukuru w’igihugu yamaze kwemeza ko yahunze igihugu cu Burundi

0

Icegera ca kabiri c’ umukuru w’ igihugu ” Gervais Rufyikiri ” kugeza uno mwanya abarizwa mubuhungiro nkuko we yaraye abimenyesheje abicishije ku mboneshakure (Television) y’ Abafaransa ” France 24 , we amenyesha ko yahunze iterarabwoba ryinshi bari batanguye kumugirako kuva mu kwezi kwa kane aho yamenyesha ko adashigikiye ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza .

rufyikiri

Ano makuru kandi yihunga ryuno munceyubahiro yarakomeye mu Burundi akaba yemezwa na Willy Nyamitwe ajejwe gutanga amakuru mu biro vy’ umukuru w’ igihugu ari nawe yabaye uwambere mukuvuga ko Gervais Rufyikiri yagiye mu Bubiligi mu rugendo rw’ akazi.

UBM News tubibutse ko Gervais Rufyikiri aje akurikira abandi bategetsi bakomeye bo mu Burundi bahunze igihugu kumvo zitandukanye harimwo iterabwoba ryo kwicwa kubera ko badashigikiye ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.